BBC Gahuzamiryango yijihije imyaka 30 imaze itangiye. Ni ibiki byayiranze muri iyo myaka
Burundi:Uburenganzira bwa kiremwa muntu ku ngomba ya Evariste Ndayishimiye bwifashe gute
Ibitekerezo k'uruhererekane rw'ibiganiro byahise mu kwa 4 kuri jenoside yokozwe mu Rwanda
Ikibazo cy'imyuzure mu Burundi no mu karere cyifashe gite ? Umva abo kireba uko babivuga
Ikiganiro ku ruhara rw'ibicurarangisho kavukire mu kubumbatira umuco n'akaranga vy'Uburundi
Imvo n'imvano iraha ijambo abanywanyi bifuza guterera ivyiyumviro ku kiganiro cahise kuwa 24/06/2023, cavuga ku kibazo c' umutekano mu birombe vy'amabuye y'agaciro mu Rwanda.
Ikiganiro cyihariye BBC Gahuza yagiranye na Perezida w'u Burundi, Evariste Ndayishimiye
Mu kiganiro c’uyu musi tuganira ku kibazo c’ihohoterwa ryo mu ngo rikorerwa abagabo mu Burundi. Iyo bavuze ihohoterwa rifatiye ku gitsina mu ngo, abantu benshi bahita bumva ko ari iritumbereye abagore n’abakobwa gusa mu Burundi, ariko ubu bitanguye kugaragara ko igitigiri c’abagabo na bo bahohoterwa mu ngo kigenda ciyongera mu buryo butandukanye. Ishirahamwe HOMME EN DETRESSE, mu Kirundi “ ABAGABO MU GAHINDA” riharanira agateka k’abagabo mu Burundi, kuva rishinzwe mu 2021 rivuga ko rimaze kwakira abagabo baryitura barenga 230. Iryo shirahamwe rivuga ko hari abicwa, abakubitwa, abirukanwa mu ngo, abangazwa eka mbere n’abiyahura. Nko kuva uku kwezi kwa gatanu gutanguye, iryo shirahamwe rivuga ko abagabo batanu bamaze kugandagurwa n’abo bubakanye. Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Ikiganiro cyacu uyu munsi turagaruka ku kibazo cyo kwiyongera kw’abatagira idini mu Rwanda no kugabanuka kw'abakiristu. Ni ikiganiro mwateguriwe kandi mugezwaho na Yves Bucyana.
Ikiganiro cyacu cy’uyu munsi turavuga ku myuzure n’inkangu byibasiye uduce tw’uburengerazuba n’amajyaruguru by’u Rwanda. Imyuzure yabaye mu ijoro ryo kuwa kabiri rishyira kuwa gatatu tariki 3 z’ukwezi kwa gatanu. Leta y’u Rwanda yavuze ko abasize ubuzima muri iyi myuzure basaga 131, amajana bagakomereka, inzu zirenga 5000 zigasenyuka ndetse ibikorwa remezo birimo imihanda bikangirika cyane kandi abantu basaga ibihumbi 10 bakaba badafite aho kwikinga. Bacumbikiwe mu bigo (sites) bisaga 100 hirya no hino muri ibyo bice byahuye n’imyuzure ikaze. Ni ikiganiro mwateguriwe kandi mugezwaho na Yves Bucyana.
Ikiganiro cyo kuri uyu wa gatandatu tariki ya 25 z'ukwezi kwa kabiri muri 2023 kiribanda ku ntambara yo muri Ukraine. Ejo kuwa kuwa gatanu itariki ya 24 z'ukwezi kwa kabiri huzuye umwaka umwe Uburusiya bushoje intambara ku gihugu cy'igituranyi cya Ukraine byahoze biri kumwe mu kitwaga Repubulika zunze ubumwe z'abasoviyete. Niyo ntambara ikomeye cyane ibaye ku mugabane w'Uburayi kuva harangira intambara ya kabiri y'isi yose. Icyo Uburusiya bwita "igikorwa kidasanzwe cya gisirikare" ni intambara ikomeye bwagabye bukoresheje ingabo zirwanira mu kirere, ku butaka n'izirwanira mu mazi kuri Ukraine. Rugikubita bwagabye ibitero bikomeye hirya no hino mu gihugu maze ingabo zirwanira ku butaka zinjira ziturutse mu majyepfo, mu burasirazuba no mu majyaruguru y'igihugu. Perezida w'Uburusiya Vladmir Putin atangiza iyi ntambara yavuze ko hatangiye "igikorwa cya gisirikare kidasanzwe" mu karere ka Dombas mu burasirazuba bwa Ukraine maze avuga ko kigamije kuvana intwaro n'abanazi muri Ukraine nuko aburira uwo ariwo se uzagerageza kwitambika imbere y'icyo gikorwa ko aziboneraho ku buryo butari bwaboneke mu mateka. Amahanga muri rusange, arangajwe imbere n'ibihugu byo mu Burengerazuba bw'isi yamaganye iyi ntambara ku mugaragaro. Uburusiya bufatirwa ibihano n'ibyo bihugu byo mu burengerazuba bw'isi maze Ukraine bitangira kuyohereza intwaro kugirango ibashe kwirinda. Nuko rero Ukraine ibasha kwihagararaho isubiza inyuma bimwe mu bitero by'Uburusiya n'umugambi wabwo wo gufata umurwa mukuru Kyiev ntiwagerwaho. Intambara rero irakomeje kandi nta kimenyetso na kimwe cyerekana ko iri hafi kurangira mu gihe impande zirwana nta na rumwe rusatira intsinzi kandi nta biganiro by'amahoro bivugwa ko byaba biri hafi gutangira. Ikiguzi cyayo ariko kiri hejuru: imwe mu mijyi muri Ukraine yarasenywe indi ikomeje gusukwaho ibisasu, abanya Ukraine babarirwa muri za miliyoni barahunze, abasirikare babarirwa mu bihumbi mirongo ku mpande zombi bamaze gupfa. N'ingaruka z'iyi ntambara kandi zarenze imipaka ya Ukraine zigera hirya no hino ku isi. Amaherezo ariko izarangira nubwo bwose bigaragara ko bitari hafi. Ariko se izarangira bigenze gute? Ingaruka zayo ni izihe? Uburusiya bufite ubushobozi bwo kurwana iyi ntambara mu gihe kirekire? Ibihugu byo mu burengerazuba bw'isi byo se bizaha intwaro Ukraine kugeza ryari? Ibyo ni bimwe mu bibazo tuganiraho mu kiganiro cy'imvano n'imvano cy'uyu munsi. Abatumire bacu ni Joseph Sebarenzi na Omar Halfani batuye muri Leta zunze ubumwe za Amerika akaba ari inzobere zikurikiranira hafi politiki mpuzamahanga na Teddy Kaberuka inzobere n'umusesenguzi mu by'ubukungu akaba ari mu Rwanda. Ni ikiganiro mwateguriwe kandi mugezwaho na Jacques Niyitegeka.
Mu Burundi umuziki ni ikintu camye gikundwa kuva kera mu gihe kuririmba canke gucuranga bisanzwe biri no mu mico y’abarundi. Ariko mu gihe mu bindi bihugu, yaba ibiteye imbere canke vyinshi mu biri mu nzira y’amajambere usanga abacuranzi bubashwe kandi babeshejweho n’uwo mwuga, mu Burundi abovuga ko ari wo ubatunze ni imparurwa, kandi naho nyene ntibokwemeza ko babayeho neza vy’ikirenga. Abacuraranzi nka Canco Hamisi, Nikiza David, Christophe Matata, Bahaga Prosper, Africa Nova n’abandi benshi ntarinze kudondagura, bafatwa n’abarundi benshi nk’icitegererezo c’umuziki w’u Burundi. Ariko urwo rwego bashitseko ntiworugereranya na gato n’ico umuziki woba warabasigiye.Indirimbo zabo zarakunzwe kandi ziracakunzwe, ariko ntawokwemeza ko hari ico zinjije canke zoba zinjiza mu buryo bw’amafaranga nk’uko vyategerejwe kuba. Abo ni ababaye inararibonye mu muziki w’u Burundi. Igitangaje gusumvya ni uko no kuri iyi tariki, abacuranzi bariho benshi kandi bakora ibishimwa, ariko ntawohagarara ngo avuge ko hari agatubuye yoba akura mu muziki wiwe mu Burundi nk’uko vyategerezwa.Abo twovuga ko hari aho umuziki ubagejeje, ni abashoboye kuja hanze y’igihugu bagakorerayo.None ni kubera iki gutungwa n’umuziki mu gihugu c’u Burundi bisa nk’aho ari umugani kandi umuziki w’ikirundi udasiba kuvuzwa yaba mu maradiyo, mu manza no mu bindi bikorwa vy’ubuzima bwa minsi yose?Mu gihe hari itegeko rikingira ibihangano vy’abaririmvyi ryemejwe itariki 30 Kigarama mu 2005, hoba habuze iki ngo abo baririmvyi bakamishe ubuhinga bwabo bibaviremwo no kwubahwa?Mu kwishura ivyo bibazo hamwe n’ibindi, turaganira n’abacuraranzi hamwe n’abakora muri ico gisata b’abarundi batandukanye. Iki kiganiro mwagiteguriwe na Robert Patrick Misigaro.
Mu kiganiro cy'Imvo n'imvano cy'uyu munsi turagaruka ku nkuru yavuzwe cyane mu kwezi gushize mu bitangazamakuru byo hirya no hino kw'isi. Ku itariki ya 10 z'ukwezi kwa mbere, k'uyu mwaka, igitabo mbarankuru "Spare", cy'ubuzima bw'igikomangoma cy'Ubwongereza, Harry, cyasohowe ku mugaragaro. Iki gitabo cy'impapuro 416, cyanditse mu Cyongereza no mu rurimi rw'Icyespanyol, cyashyizwe ku mugaragaro kimaze amezi gitegererezanyijwe amatsiko n'amashyushyu menshi, ahanini kubera uwacyanditse, ndetse n'ibintu bifatwa nk'ibidasanzwe, igikomangoma Harry, cyivuga ku mugaragaro ku buzima bwe bwite ndetse n'ubuzima bw'ikambere mu bwami bw'Ubwongereza. Harry, umuhungu wa kabiri w'Umwami Charles III w'u Bwongereza, yandika ku burakari bukomeye afitiye ingoro y'Ubwami, akanamena amabanga akomeye ku buzima bwe ndetse n'ubw'ibwami mu birego bikomeye. Ni ikiganiro mwateguriwe kandi mugezwaho na Prudent Nsengiyumva.
Muri iki kiganiro turavuga ku buzima mu nkambi z'abanyekongo barimo guhungira mu Rwanda. Twarabasuye mu nkambi z'agateganyo za Nkamira na Kijote mu burengerazuba bw'U Rwanda ndetse dusura n'abamaze kwimurirwa mu nkambi ya Mahama mu burasirazuba bw'U Rwanda. Mu nkambi z'agateganyo za Kijote na Nkamira twahasuye hari abagera ku 1200 biganjemo abagore, abana n'abasheshe akanguhe. Izi mpunzi zivuga ko zavuye muri Rutshuru na Masisi mu burasirazuba bwa Repubulika ya demokarasi ya Congo zihunga ubwicanyi bw'imitwe yitwaje intwaro izita abatutsi b'abanyarwanda cyangwa abo mu mutwe wa M23 urwana n'igisirikare cya leta ya Congo. Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Yves Bucyana.
Mu kiganiro c’uyu musi, tuganira ku kibazo c'ubuzima bubandanya kuzimba mu Burundi, aho ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa nk’ibifungurwa vyaduze cane ku rugero rutari bwigere rubaho mu Burundi. Ibiharuro Ibanki nkuru y’igihugu yasohoye mu ntango y’iyi ndwi vyerekana ko hagati y’ukwezi kwa 12 mu 2021 n’ukwa 12 mu 2022, n’ukuvuga mu kiringo c’umwaka umwe gusa, ibiciro vy’ibifungurwa hamwe n’ibindi bintu vya nkenerwa vyiyongereye ku bice birenga 26 kw’ijana. Kugira umuntu abitahure neza, dutanze nk’akarorero ku kungene ibintu vyaduze ibiciro, n’ubwa mbere mu Burundi ikilo c’ibiharage gishitse ku 3000. Ni n’ubwa mbere umuceri ushitse ku bihumbi 4500 ku kilo. Abahinga muvyo ubutunzi bavuga ko vyavuye ku mpamvu zitandukanye. Nko ku bifungurwa, bavuga ko igituma vyaduze ibiciro vyoba vyaturutse kw’ihindagurika ry’ibihe, aho usanga nk’imvura itaguye neza. Ku bindi bintu vya nkenerwa ngo vyavuye ku bintu bitandukanye harimwo ibura ry’amafaranga y’agaciro, igitoro n’intambara iriko irabera mu gihugu ca Ukraine. Kugira ico kibazo c’ubuzima buzimvye gitorerwe inyishu, hari bamwe basaba ko hafatwa ingingo zikomeye harimwo kugwanya ba kaboko, gusahiriza abanyagihugu muri iki gihe benshi batubitse umukanda mu nda hamwe no gukura amakori ku bintu vya nkenerwa.N’aho hoba hari ukutavuga rumwe ku vyateye iduga rikabije ry’ibiciro ry’ibintu vya nkenerwa, yaba reta canke amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike bose baremeza ko ibintu bitifashe neza. None vyavuye kuki? Kubera iki ibintu vyunyutse mu mwaka wa 2022 gusumba iyindi myaka? Hokorwa iki ngo ibintu bisubire mu buryo? Ibi ni bimwe mu bibazo tugira duce hirya no hino muri kino kiganiro c’imvo n’Imvano mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Ikiganiro Imvo n’Imvano cyo kuri uyu wa gatandatu itariki ya 21 z’ukwezi kwa mbere umwaka wa 2023 kiragaruka ku cyemezo cya leta y’u Rwanda cyo guhindura amasaha y'akazi n'amasaha yo gutangiriraho amasomo mu mashuri mu gihugu cyose. Ni icyemezo cyafashwe mu mpera z’umwaka wa 2022 gitangira gushyirwa mu bikorwa hashize ibyumweru bisaga bibiri. Ubu amasaha y'akazi ni guhera saa tatu kugeza saa kumi n'imwe. Naho amasomo agatangira saa mbiri n'igice kugeza saa kumi n'imwe z'umugoroba. Harimo isaha imwe yo kuruhuka. Amasaha y'akazi yagabanutse kuva kuri 45 kugeza kuri 40 mu cyumweru. Minisiteri y’uburezi y’u Rwanda ikavuga ko gahunda nshya izafasha kunoza ireme ry’uburezi no guha umwanya ababyeyi kurushaho kwita ku bana babo. Ni mu gihe Ministeri y’abakozi ba leta n’umurimo ivuga ko uretse ku kwita ku muryango impinduka mu masaha y’akazi igamije imibereho y’abakozi. Iki cyemezo se cyakiriwe gute n’abantu batandukanye? Turabaha ijambo.-Ese abakora utuzi twangombwa kandi twihutirwa nk’abaganga bo bahagaze bate kuri izi mpinduka? Ni mu gihe imwe mu miryango iharanira uburenganzira ku murimo yandikiye inzego bireba isaba ko amategeko asanzwe ahari yahuzwa n’icyemezo ikavuga ko mu gihe bitarahuzwa bishobora gutera ikibazo hagati y’abakoresha n’abakozi. Turumva icyo babivugaho.Ikiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Yves Bucyana.
Ibitekerezo ku kiganiro cyavugaga ku mitwe yitwaje ibirwanisho y'abanyamahanga muri DRC
Ese amasomo y'igikombe cy'isi cyaberaga muri Qatar asigiye iki akarere k'ibiyaga bigari ?
Imvo n’imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki 17 z’ukwezi kwa 12 umwaka 2022 iribanda ku cyegeranyo cy’ishyirahamwe Transparency International Rwanda kuri ruswa ishingiye ku gitsina mu kazi mu Rwanda, aho iryo shyirahamwe ryagaragaje ko abagore n’abakobwa bagera kuri 70% bahuye n’icyo kibazo. Ni ikiganiro mwateguriwe kandi mugezwaho na Yves Bucyana.
Mu kiganiro c’uyu musi, tuganira ku nama bamwe bavuga ko yari rukokoma, canke ibiganiro vyari bifise intumbero yo kuronderera inyishu ikibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo. Intumwa zirenga 200 zari zaserukiye imigwi yitwaje ibigwanisho, amashirahamwe ata ho yegamiye muri politique hamwe n’abarongoye abandi mu mibano, baturutse mu ntara za Kivu y’epfo, Kivu ya ruguru, Maniema, Ituri hamwe na Tanganyika zamaze hafi indwi yose i Nairobi, ku murwa mukuru wa Kenya. Ivyo biganiro vyari biyobowe n’uwari perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta, Umuhuza w’ishirahamwe ry’akarere k’ubuseruko bwa Afrika mu matati y’abanye Congo.Iki kiganiro mwagiteguriwe na Cyriaque Muhawenayo
Mu kiganiro cy'Imvo n'imvano cyo kuri uyu wa gatandatu tariki ya 3/12/22 turibanda ku mushinga w'itegeko wari ugamije guhindura itegeko risanzweho mu Rwanda rigendanye n'ubuzima bw'imyororokere hagamijwe kwemerera abangavu kuboneza urubyaro. Ni umushinga wari watanzwe n'itsinda ry'abadepite bifuzaga ko abana b'imyaka 15 bakwemererwa gukoresha uburyo bwo kuboneza urubyaro. Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Yves Bucyana.
Iki kiganiro cyacu kiribanda ku cyegeranyo cy'umuryango urwanya ruswa n'akarengane Transparency international Rwanda kivuga ku bucucike mu magereza yo mu Rwanda -imibare igaragazwa n'ubushakashatsi bwakozwe n'uwo mu ryango irerekana ko abasaga ibihumbi 84 bafungiye mu magereza 12 yo mu Rwanda harimo ibihumbi 12,000 bafunzwe by'agateganyo hatabariwemo abafungiwe muri za sitasiyo za polisi bataraburana.
Uyu munsi turabagezaho igice cya kabiri cy'ikiganiro twagiranye n'abakinnyi bahoze bakina volley ball mu rwego rw'abagabo mu Rwanda. Mu kwezi gushize twatangiye uruhererekane rw'ibiganiro bivuga amateka y'umupira w'amaboko wa Volley Ball na Basket Ball mu Rwanda.
Nkuko mwabyumvise mu cyumweru gishize twatangiye uruhererekane rw'ibiganiro bivuga amateka y'umupira w'amaboko wa Volley Ball na Basket Ball mu Rwanda. Uyu munsi turabagezaho igice cya mbere cy'abagabo bakinaga Volley ball. Bo babaye benshi bituma ibiganiro byabo bivamo bibiri.
Turasubiramo ikiganiro cyavugaga ku baka ubuhungiro mu Bwongereza bakazajyanwa mu Rwanda
Turibanda ku kibazo cy’abanyeshuri mu Rwanda barenga 400 barangije amashuri y’isumbuye ariko bakabura inguzanyo zo kubafasha gukomeza mu ishuri rikuru ry’imyuga n’ubumenyingiro.
Imyaka 50 irashize mu Burundi habaye ubwicanyi buhurutse kwitwa jenoside yakorewe abahutu
Ibitekerezo ku kiganiro cyo guhagarika amagare n'amapikipiki mu duce tumwe twa Bujumbura
Abarundi baba Kwale mu majyepfo ya Kenya, bamaze imyaka irenga 60 batarabona ibyangombwa
Uburezi mu Rwanda: Icyemezo leta y'u Rwanda yafashe cyo kongera gusibiza abana batatsinze
Turabasubiriramo ikiganiro cyahise kuwa gatandatu ushize ku kibazo cya Mubazi mu Rwanda
Mwaramukanye amahoro mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki 16 z'ukwezi kwa 11 mu 2019. Ikiganiro cy'uyu munsi kirimo ibice bibiri : igice cya mbere kiribanda k'ukuntu mu cyumweru gishize, Leta y’u Rwanda yatangije gahunda yo kwigisha bamwe mu banyeshuri bahoze biga mu mujyi wa Goma muri Repubulika ya demokrasi ya Congo, mu buryo bwo kubategura gukomereza amashuri yabo mu Rwanda. Abanyeshuri barafashwa kuzashobora gukurikirana amasomo yabo muri gahunda y’icyongereza itandukanye na gahunda y’amasomo bigagamo mu Gifaransa mu gihugu cya Congo. Ibi bije nyuma y’aho u Rwanda ruburije abanyeshuri b’abanyarwanda gusubira kwiga mu mujyi wa Goma kubera icyorezo cya Ebola cyari cyadutse muri Congo. Icyo cyemezo ariko siko bose bakivugaho rumwe. Bamwe mu banyeshuri n'ababyeyi bavuga ko kuba barigaga mu gifaransa bakaba barabategetse kwiga mu Rwanda aho bazajya biga mu rurimi rw'icyongereza ari ukugora, kandi ko amashuri yo mu Rwanda ahenze, ibyo bikiyongera k'ukuntu babuzwa kujya muri Congo ariko bakareka abanyecongo bo bakaza mu Rwanda, ibyo bakabyita ukubarenganya. Abategetsi b'u Rwanda ariko ibyo barabihakana bakavuga ko byakozwe ku neza yabo. Imvo n'Imvano yagiye muri Rubavu kuganira n'abarebwa n'icyo kibazo bose. Baradusobanurira uko byifashe. Igice cya kabiri turaba tuganira n'umuntu ukina imiziki mu mazu y' urubyiniriro, bamwe bita DJ, Jean Aime Bigirimana, uba muri Canada akaba yarasuye Studio za BBC mu kwezi gushize kwa 10. Jean Aime Bigirimana wiyita akabyiniriro ka Jabig, anatwara igare, akaba yariyemeje kuzunguruka imigabane 3 y'isi, atwara amagare kugirango aheshe abana bo muri Afrika amagare. Abo bana ngo ni abakora ingendo ndende n'amaguru bajya kw'ishuri. Muri iki kiganiro ari kumwe n'umufasha izo ngendo Claudelle Mwenedata. Iki kiganiro murakigezwaho na Felin Gakwaya.